|
![]()
Sign
or view
our
|
Urashobora
kwumva ijwi ry'Imana!
Infunguruzo
zinezo guhozako,z'uguhozako,z'ubukomezi,z'ugutanga ubuzima,Mu
biganiro hamwe n'Imana Mark Virkler Ubuyobozi bwo kunywana n'Imana 3792 Broadway Street 1-800-466-961 Igihe
tubamwo kiriyunganye n'ubumenyi, n'ivyiyunvirobituma tutemera
ko umuntu ashobora kwumva ijwiry'Imana. Ariko hari ibituma vyinshi
tutavyemera. Ubwambere abagabo n'abagore bo muri Bibiliya
barumviseijwi ry'Imana. Kandi hariho abagabo
n'abagore b'Imanabakiriho berekana ko bumva ijwi
ry'Imana. Ubwanyuma,hariho muri twebwe inyota yo
gusangira n'Imana nokwumva iriko iravugira mu mitima
yacu. Ndi Umukizwa, Umukirisu yemera Bibiliya,
narageragejeimyaka n'imya ka kwumva ijwi ry'Imana
biranka.Narasenze, ndisonzesha, ndiga Bibiliya
nongerandumviriza ko hari ijwi nokwumva, biranka.
Nta jwiryariho nashobora kwumva. Hanyuma Imana
inshira kuruhande igihe cu'mwaka ngo nige, nsome,
nongeremenyere kwumva ijwiryiwe. Muri ico gihe
Imanayaranyigishije infunguruzo zine zo kwugurura
urugi muburyo bubiri bwo gusenga. Nasanze ubwo
buryo butoroheyejewe gusa, ariko ibihumbi vy'abandi
Bakizwa bigishijwekubukoresha, butuma biyegereza
cane na Kristu,burahindura n'ubuzima bwabo.
Ibi bizogushikira naweuriko urarondera Imana ukurikije
izi nfunguruzozine, uzozisanga zose muri Habakkuk
2: 1, 2.Ndabasavye musome ibi bikurikira imbere
yo kubandanya. 1-
Urufunguruzo numero imwe- Ijwi ry'Imana mu mitimayacu
ryumvikana nk'ivyiyumviro vya giturumbuka.
Iyonuguruye ku Mana, nugururiye ubukerebutsi.Bibiliya
ivuga ko Imana ivuga...(Hab.2:2).Habakkuk
yari azi kwumva ijwi ry'Imana.
Elijah avugako rimeze nk'ijwi ritoyi (I Kings
ndazi
ko Imana ishoborakuvuga gutyo rimwe na rimwe. Ariko
naratoye ijwiry'Imana risa n'ivyiyumviro biza giturumbuka,ukabonekerwa,
ugahinduka mu mubiri, cankeugakekeranya.
Akarorero, Ntibirashika muri twebweumuntu
ariko aratwara umuduga akumva iciyumviro
kimujeko kimubwira ngo nasengere umuntu umwe?
Duca tumenya koari ijwi ry'Imana ritubwira gusengera
uwo muntu.Ikibazo canje ni iki, "Ijwi ry'Imana
ryumvikana gutemu gihe wariko uratwara umuduga?
Ryoba ryari ijwiry'imbere mu mutima, ijwi ryumvikana
canke cariiciyumviro ca giturumbuka caje mu
mutwe wawe?" Benshimuri twebwe muvuga ko ijwi ry'Imana
ryajenk'iciyumviro giturumbuka.Jewe nca nibwira
ngo "ngira ngo ndiko ndumviriza ijwiry'Imana nohora
numviriza kuvyiyumviro bizagiturumbuka. Ngira ngo
Mutima Mweranda tumwakira muvyiyumviro biza giturumbuka
ndavye ivyo maze kwiboneran'ivyo abandi babona,
ndemera ko ibi ari vyo.Bibiliya iravyemeza mu
buryo bwinshi. Paga, ijambo ry'Igi Hebereya, rivuga
ngo kwihuriro, ni "Kugira Imanacanke igisida kikuguyeko".
Iyo Imana ishize abantu kumiti ma yacu ngo
tubasengere, ibigira ikoresheje"Paga", ivyiyumviro
biza giturumbuka. Nico gituma iyontumbereye
Imana nugururira ivyiyumviro vyagiturumvuka.
Iyo nicaye ntekereje imbere y'Imana ndimu
gisabisho, ndamaze kubona ko ivyiyumviro vyose bizamuri uwo mwanya biza ku Mana.
2-
Urufunguruzo numero zibiri- Ntagerezwa kwigagusohora ivyiyumviro vyanje
kugira ngo numvirize kobijanye n'ivyiyumviro vy'Imana
biri muri jewe.Habakkuk yavuze, "Nzohagarara
kwirembo nishigikizeinkingi yanje..." (Hab.2:1).Habakkuk
yari azi ko kugira yumve ivyiyumviro
vyizabivuye ki Mana, yategerezwa kuja mu kibanzagitekanyehanyuma
agasohora ivyiyumviro biri muri
we. Psaumes46:10 itubwira kuguma hamwe, tumenye ko
ari Imana.Hariho ivyiyumviro biri muri twebwe umwe
wese aravyumaiyo agumye hamwe mu kibanza gitekanye.
Naratoye uburyobwinshi bwo kuguma hamwe kugira
numvirize ivyiyumvirobivuye ku Mana. Gukunda Imana
mu karirimbo kayikezabiranfasha (raba II Kings vya
vyiyumviro bihezagiyebiza biseseka. Ariko mpejeje
kuninahaza Imana nihoivyiyumviro vya giturumbuka
biza. Iyo niyumviriye ivyonibagiyegukora,
nca ndavyandika hanyuma nkacandabihanagura.
Iyo niyumviriye ibintu bitakorwa,
cankeibintu niyagiriza, nca ndavyihana ubwo
nyene nkasabaikigongwe, nkaca niyuhagira amaraso
y'umwagazi w'Imanankambara umutamana wayo w'ukuri,
nkibona ko atagacafukandiko imbere y'Imana (Is.
61:10), Col.1:22).Uko mpangaza amaso kuri Yezu (Heb.12:2),
nkatekerezaimbere yiwe, nkamubwira ikiri ku
mutima wanje, nsangahari uburyo bubiri bwo kuyaga.
Ivyiyumviro vyagiturumbuka biva ku ntebe y'Imana
biseseka kuri jewe,kandi nkasanga ndiko ndaganira
n'Umwami w'Abami.Birahambaye ko uja kuronka
ijambo ryera ry'Imana ugumautekereje kandi ukaguma
hamwe. Utagumye hamwe, uzakuronka ivyiyumviro
bivuye kuri wewe gusa. Utagumyeushinze maso
kuri Yezu, uzoronka ivyiyumvirobitosekaye, kubera
ivyiyumviro biza bivuye ahantuwatumbereje amaso
yawe. Nico gituma, utumbereje amasokuri Yezu, ivyiyumviro
bica biva kuri Yezu. Niwarabakubintu umutima
wawe ushaka, ivyiyumviro bica bizabivuye kuri
ivyo umutima wawe ushaka. Kugira uronkeivyiyumviro
bidatosekaye, utegerezwa imbere ya vyosekuguma
hamwe, ubwa kabiri utegerezwa kurabisha amasoyawe
kuri Yezu.Ndongeye kandi kuvuga , guhimbazaUmwami
mu mutekano, hanyuma ugaca uronka ubutekerejibutuma
ivyo vyose biranguka. 3-
Urufunguruzo numero zitatu- Iyo ndiko ndasenga, ngumiza
amaso n'umutima wanje kuri Yezu, nkabona muri
Mutima indoto n'amahishuka y'Imana Rugira vyose. Twamaze
gushushanya ibi vyishimikizo mu ngingo tumaze
kwandika. Ariko turakeneye kubandanya tubivuga
gatoyi. Habakkuk yavuze,"Nzoguma ndaba kugira
mbone," hanyuma Imana ivuga," Gumya ayo mahishuko".
(Hab.2:12). Birahambaye ko Habakkuk yari agiye
gutangura kurondera amahishuko uko asenze. Yari
agiye kwugurura amaso y'umutima wiwe, hanyuma arabe
muri Mushaha ico Imana yashatse kumwereka. Ibi ni
ivyiyumviro bitoroshe. Sinari
bwigere niyumvira kwugurura amaso y'umutima wanje
kandi ngo ndondere amahishuka. Ariko uko naguma
ndavyiyumvira, niko nasanga ibi ari ivyo Imana
yari yashatse ko nkora. Yarampaye amaso mu mutima
wanje. Ategerezwa gukoreshwa mu kuraba muri Mutima
igihishuko hamwe n'ingendo z'Imana Mushobora Vyose.Ndemera ko hariho
Umutima ukorera iruhande yanje. Iyo
Si, yuzuye Abamalayika, amashetani, Mutima Mweranda,
Imana iri hose, hamwe n'Umwana wiwe ari hose.
Nta kintu combuza kubibona; tureste imigenzo yanje
imbwira ngo ndeke kuvyemera ikaba idashobora kumpa
inyigisho z'ingene nokwuguruka kugira ngo mbone
iyi Si ya Mutima. Ibihambaye
kugira ubone ni ugukenera kuraba. Daniel yabonekewe mu mutwe
wiwe aca avuga," Nariko ndaraba....Nguma ndaba...nguma ndaba" (Dan.7:2,
9, 13). Ubu ndiko ndasenga, ndondera Yezu ari kumwe nanje,
kandi ndamuraba iyo ariko aramvugisha, akora, kandi
avuga ibintu biri ku mutima wiwe. Abakristu
benshi bazosanga ko iyo baraba gusa, bazobona.
Yezu ni Emmanuel, Imana kumwe na twe (Matt.1:23).
Biroroshe nk'ibindi. Uzobona imboneko yihuta
mu buryo busa n'ivyiyumviro biza giturumbuka. Urashobora
kubona Kristu ari kumwe na we ahantu haruhura,
kubera Kristu ari kumwe na we aho hantu haruhura,
uzobona ivyo biboneka biza atangorane ugaca
ushaka kureka kuvyemera, ukibaza ngo ni ivyiyumviro
vyawe. (Ugukekeranya ni ikigwanisho ca shetani
kirwanya isengero.) Ariko
ni wabandanya ubika izo mboneko, ugukekeranya kwawe
kuzorutwa n'ukwizera kubera uzobona ko ivyo vyose
biva ku Mana Rugira vyose. Imana
yabandanije kwiyerekana mu bantu biwe ikoresheje
indoto hamwe n'imboneko. Yarabigize kuva mu
bice vyambere vya Bibiliya (Genesis) gushika mu bice
vyanyuma vya Bibiliya (Revelation) kandi avuga ngo
kuva Mutima Mweranda arungistwe, muri (Acts2), twategerezwa kuguma turonka
indoto n'imboneko ( Acts 2:
1-4, 17). Yezu,
umurongozi wacu mwiza, yaravyerekanye ko hari ububasha
bwamaho bwo kubana n'Imana Rugira Vyose. Yavuze
ko atakintu yakoze ku bubasha bwiwe mugabo ivyo
yabonye Data akora, kandi yumvise Data avuga (Jn.5:19,
20, 30). Mbega uburyo bwiza bwo kubaho! Ubu
vyoba bishoboka ko tugira ubuzima burimwo intango
nyeranda nkuko Yezu yabigize? Igituma nyamukuru
c'urufpu rwa Yezu hamwe n'ukuzuka kwiwe vyari
ugutabuka kw'Umushanana kuva hejuru gushika hasi,
kukutaguma mu mubano w'Imana, kandi turategerezwa
kumwegera (2K. Heb.
10:19-20). Aho rero n'aho ivyo ndiko ndashushanya
bisa n'ivyo tutamenyereye muri iki kiringo
c'imyaka amajana mirongo ibiri na rimwe (21st
century), birerekanywe kandi birashushanije mu nyigisho
za Bibiya hamwe n'ivya bonetse. Harageze ko Isengero
risubira kwiyungunganya rikegeranya ivyo vyose
biyikomoka ko, ikegeranya ivyayo vyose. Kubera kamere,
hamwe n'imigenzo, bamwe bazokenera gufashwa no
gutahura uku Kuri, imbere yo kuka muri ukwo Kuri. Bazosanga ibibafasha
mu gitabo "Kunywana n'Imana" ("Communion with God") canditswe
n'uwo mwanditsi nyene umwe. 4-Urufunguruzo
numero zine-Ukwandika ibisabisho vyacu
hamwe n'inyishu z'Imana, biraduha ukwidegenvya kwiza
mu kwumva Ijwi ry'Imana. Imana
yabwiye Habakkuk kwumviriza hamwe no kwandika amahishuko ku gitabo
( Hab.2:22). Ntivyigeze na rimwe biza mu mutwe wanje kwandika ibisabisho
vyanje hamwe n'inyishu z'Imana. Utanguye kurondera mu vyanditwe
kuri iki ciyumviro, uzosanga amajana y'ibihumbi
y'ibihimba bivyerekana (Psalms, Abahanuzi benshi,
revelation). Ni kubera iki ntigeze ngira ico
ciyumviro? Ubwo
buryo nabwise ("Ivyandiko") " Journaling", kandi
nca ntangura kubibona. Nasanze ari uburyo bubereye
bwo gutohoza ibintu biva ku Mana, kubera uko
nandika nashobora kuvyandika mu kwizera gufata umwanya
muremure, kubera nemera ko ari Imana. Sinigeze
ndinda kubitahuza uko naba ndiko ndabironka (naho
vyoba vyari vyinshi ku mutwe umwe), kubera nari
nzi ko aho bizorekera kuza nzosubira inyuma nongere
ndavyihweze nitonze, ndaba neza ko biri ku murongo
w'ivyandiko vya Bibiliya. Uzotangara
niwagerageza kugira ivyandiko. Ubwambere ugukekeranya gushobora
kuzoguhagarika, ariko biterere hirya, wiyibutse ko ari ivyandiko
vya Bibiliya, kandi ko Imana iri ngaho, ivugisha abana bayo.
Ntiwifate ko uhambaye cane. Ni wabigira, uzoca usanga
uriko urazibira inzira ya Mutima Mweranda. Ni
igihe turetse ibikorwa vyacu tukinjira mu buruhukiro
bwiwe Imana vyayo
(Heb.4:10). Nico
gituma ushira akanyamuneza mu maso yawe, icara neza,
sohora ikaramu yawe n'urupapuro, hanyuma uhangaze
amaso ku Mana mu kuyiririmba no kuyishimagiza,
usaba ko womubona amaso mu yandi. Uriko
urandika ikibazo cawe ubaza Imana ukaguma hamwe,
uhangaje umutima wawe kuri Yezu, ari kumwe na we,
uzoca uronka iciyumviro ciza cishura ikibazo cawe.
Ntugikekeranye, ca ucandika ubwo nyene. Hanyuma
uriko urasoma ivyandiko vyawe, na we nyene uzohezagirwa
kubona uriko uraganira n'Imana. Inyigisho
zanyuma:nta numwe yogerageza ibi bintu atabanje
gusoma Bibiliya nshasha (New Testament) cane
cane , Bibiliya yose, kandi nta numwe yogerageza
ibi bintu kiretse akoreshejwe n'ingabirano
ya Mutima Mweranda. Ingendo
nya mukuru zituruka mu kwandika zotegerezwa guherezwa
imbere y'uko zikoreshwa. Ni
mugendere www.cwgministries.org mukeneye
izindi nyigisho
canke ibisomwa vyerekeye kwumva ijwi ry'Imana. |
|
©2008 Communion with God Ministries. All rights reserved. | ||||||||||||